Pageviews all the time

ABAGANWA NGO BAVA HE?/Guillaume Rusengo

Mu kinyarwanda turavuga ngo "INDA ISHAKA GUCURA IZINDI ITANGIRA KWIYITA AMAZINA". Nyuma y'aho ibibazo hagati y'amoko abiri ariyo Abahutu n'Abahutu byaranze amateka y'u Burundi bikabugeza aho umwanzi ashaka, ubu noneho hari ubwoko bw'Abaganwa buriho buzamura ijwi, bukemeza ko aribwo bugomba gutegeka Uburundi kuko ngo ariya moko yandi abiri yananiwe.  Umwe mu baganwa wacukumbuye amateka yaranze ingoma zitandukanye zo mu biyaga bigari by'Afrika aragira icyo avuga kuri iki kibazo. Iyi nyandiko, irahishura byinshi abanyarwanda batari bazi ku mateka yabo!!!

Dg Nkusi Yozefu
www.shikamaye.blogspot.no
__________________________________________________


 Abaganwa ngo bava he? Umuryango w'abaganwa gushika no kuri uyu musi abantu baguma babaza iyo bava ariko ntawubivuga neza. Abaganwa bo nyene bazokubwira ko ari umuryango ukwabo utandukanye n'abatutsi, abahutu canke abatwa. Abahutu benshi bazokubwira ko Ntare Rushatsi yari umuhutu, ngo abaganwa rero n'abahutu. Ntare Rushatsi ivyiwe nawe ntivyoroshe kuko ubwa mbere na mbere ntacemeza na kimwe gushika ubu ko yabayeho.

Ikindi naco turazi ko ivyo bamuvugako vyose ngo yaje ava hanze; Mu mayagwa yiwe ayazwi cane avuga ko se yari umuhutu w'umuhanza yitwa Jabwe, umuhungu wa Ntwero yatwara Ubututsi; uyo Jabwe rero ngo yamuvyaye ku mugore wa mwenewabo Nsoro. Nsoro ngo amaze kubimenya aca aromorwa n'ishavu aca aranyika. Niho havuye akarere: Mu Ryansoro: ngo niho yanyikiye. Mu bushakashatsi rero bo mu vya karere kacu k'ibiyaga binini, amayagwa nkayo uyasanga mu miryango yose yatwaye ingoma nyinshi, nko mu Bugesera, i karagwe, i Rwanda, i Buganda, i Nkore n'ahandi. Abashakashatsi bavuga ko aba ari ingoma nshasha itanguye igashaka kw'iyitirira iyahahora kugira ntitere umutima uhagaze abanyagihugu ari co gituma usanga muri izo ngoma zose, umwana yavyawe hanze akaja kurerwa kwa nasenge mu mahanga maze akagaruka gusaba igiti ciwe ku ngoma.


Uretse n'ivyo i Buha aho Ntare bavuga yarerewe, hatwara abatutsi bo mu muryango w'abakimbiri(canke abahima b'abahinda). Uravye kuva i Karagwe ukamanuka ugaca i Buzinza, Rusubi hamwe n'ingoma y'i Bushubi ugashika i Buha aho hose hatwara abahinda birazwi kandi n'amazina yabo arazwi. Ntivyumvikana ingene yoba i bwami i Buha kwa nasenge ari umwamikazi waho akaza ari umuhutu. Ikindi naco akarere k'Uburundi bwa Nyaburunga bavuga abahanza batwara imbere ya Ntare Rushatsi kari mu Bututsi bwegamiye Imbo n'ikiyaga Tanganyika ahantu hazwi ko haba imiryango y'abahutu baje bava i Kabwali; karya karere kinjira muri Tanganyika hepfo y'i Buvira; no gushika ku gihe ca Sebudandi yinjirayo ababwari bari bakiza.

Ibi birerekana ko imiryango yico gice yaje iva muri za Kongo nkuko aba "bantu" bakunzwe kuvuga ko ari yo baje bava, ariko imryango yari i Nkoma ikaba yari yegamiye Ubuha. Birerekana ko utwo turere twompi tudasangiye inyanduruko ahubwo Imbere ya Ntare Rushatsi ingoma z'abahutu zari nyinshi zikaba zariganana mu nzego n'imico ndetse n'amazina y'Ubwami(ari ho usanga ba Ntare Biti, Ntare Rufuku, Ntare Kibogora,...Mwezi Kayobera, Mutaga Nyamubi,..n'abandi )zikaba zari nto canecane naho zikaba ziva mu mihingo yose zidategerezwa kuba ari zimwe.

Ntare Rushatsi rero kuri jewe yari umuhinda canke umukimbiri wisunze ivy'i buha, aca ashika yiyitirira ingoma ya Ntwero se wa Jabwe ariyo ishobora kuba yari ikomeye uravye ko abapfumu n'abanyamabanga benshi bava mu miryango yari ikomeye ico gihe bari: abahanza, abajiji n'abashubi. Mwezi ndagushimiye umuhungu wiwe,nawe nta kintu kinini bamuzi ko atari uko ngo yatwaye imyaka myinshi cane; ivyo navyo abashakashatsi bavuga ko bamwitiranya na Mwezi Gisabo.

Twibuke kandi ko imbere ya Ntare Rushatsi hariho abavuga Ntare, ariko uwo bita "Karemera" ngo yatwara amajaruguru y'Uburundi; uwo nawe ibimuzwiko wisunze amayagwa y' iRwanda no mu Bugesera ngo yari umuhungu w'umuhondogo. Mutaga Senyamwiza nawe avugwa ahanini mu maja ruguru y'Uburundi aho yasize ibigabiro bitari bike. Yaranasize amariba menshi. Amariba nayo turazi neza ko yazanywe n'abahima hamwe n'abatutsi canecane bo mu Bugesera.

Nawe bavuga ko yari umuhungu wo muryango w'abahondogo nkuko mu Rwanda abami Kigeri Mukobanya,Mibambwe Sekarongoro hamwe na Mutara Semugeshi bakunda kuvuga ko bari abahondogo.Semugeshi we bavuga ko imbere yo kwima yitwa Nsoro; Nsoro naryo n'izina risangwa cane mu bami b'abahondogo bo mu Bugesera.Abahondogo nabo nibo bari ku ngoma y'Ubugesera bakaba bar' abatutsi gusa. Iigituma ku ri jewe Ntare Rushatsi ashobora kuba atari se w'abaganwa, kandi atari we yazanye ubuganwa, n'uko umuryango w'abaganwa watanguye gushinga imizi kuri Ntare Rugamba. Ni we yatanguye guhindura inzego z'abatwara akabahindura n'abahungu biwe n'abuzukuru,;itegeko rikaba iry'amavuko n'amaraso kurusha mbere.

Nk'akarorero Ntare Rugamba yarwanye cane n'umuhima Fumbije kubera yashaka ku muhindura hariya mu Bugufi yari yigaruriye ngo ashireko umutware w'umusine, mwene sekuru Senyamwiza. Ibi biratwereka ko Ntare Rugamba ari we yashinze ingoma y'abaganwa vyukuri abikuye kuri se na sekuru Senyamwiza. Uretse nivyo ibigabiro vya Senyamwiza hafi nka vyose ubisanga mu Buyenzi no mu Bugesera no mu maja ruguru y'Uburundi kandi amayagwa y'i Rwanda atubwira ko ashobora kuba yavukana na Ntare Karemera umuhondogo yatwara Ubuyenzi.

Nta muntu mu karere kacu atari azi ibiranga ingoma(ingoma,imbuto,umuganuro n'ibindi nk'ivyo,...) Ntare Rushatsi w'i Buha ntiyari gushobora kuza kwigarurira igihugu ateretse abanyagihugu ivyerekana ubwami bwiwe, kandi ubisanga nka hose mu ngoma zidukikije nico gituma kuri jewe irya nkuru y'i Nkoma bwari uburyo bwiwe bwo kwiyitirira ubutegetsi. Ivyo ko yavuye i Rwanda navyo ntavyo nemera ahubwo ubiravye nko mu ngoma zose zo mu karere kacu hari umuntu ashatse kwigarurira inganji yahahora yegera ingoma azi ikomeye iri ahfi y'ico gihugu agasaba umwami waho ku muha ibikomangoma no kumufasha gutera.

Kenshi uwo mwami yarabikora kubera vyaca bimworohera kurinda imbibe ziwe iyo hakurya hatwara umwami azi canke yafashije. Igihe ca Ntare karemera na Mutaga Senyamwiza, Nduga(akarere kari mu Rwanda ubu) yari ikomeye kandi yari yegereye Ubuyenzi bw'i Burundi; birumvikana ko Senyamwiza yaciye yegera umuhondogo mwenewabo Karemera(Ubugesera nabwo bwari bukomeye cane ico gihe) hamwe na Mashira umubanda yatwara Nduga ngo bamufashe, ari ho havuye abavuga ko Ntare Rushatsi yaje ava i Rwanda. Ntiyavuye i Rwanda,kandi ntiyari Ntare bamwitiranya na Karemera. Senyamwiza niwe yavuye mu Bugesera aca i Nduga no mu Buyenzi gusaba abamufasha. Mutaga Senyamwiza yaranasize uruvyaro rwinshi ruzwi gushika ubu.

Abakundo canke abavubikiro naho biyitirira Ntare Rushatsi nibaza ko bari abatutsi mu bandi gusa n'imiryango yari yegereye ingoma kubera yashingira umwami ica ishaka kwiha amazina.Abaganwa nimba wemera ivy'i Buha n'abahinda nimba wegamiye ivy'i Rwanda n'abahondogo b'i Bugesera nkuko Ruganzu Ndoli umwami w'Urwanda yari umuhinda w'i Karagwe. Abandi nabo bavuga ko abaganwa n'abatutsi ari abana b'abahutu b'abapfasoni(abapfasoni mu nyanduruko vyasigura: abashingantahe bo hejuru begereye umwami b'aba ari nk'abatware.) bavyaranye n'abakobwa b'abahimakazi, vyaragaragaye ko urwego rwa cami rwazanywe n'abahutu ntirwari mu mico y'abahima n'abatutsi.

Ngo abahima baza, bashitse basanga ingoma mputu; ngo kugira bikundishe batanga abakobwa babo.Mu Rwanda abahondogo baho nka bose biyita abashambo; abashambo nabo birazwi ko mu karere kacu kose haba Tanzaniya, Uganda n'Urwanda ko ari abahima; i Burundi ariko abahondogo n'abatutsi b'abanyaruguru. Urumva birerekana ko ibintu vy'imiryango vyahindagurika. Ibi rero bitera ikibazo co kumenya itandukano riri hagati y'abatutsi n'abahima canke nkuko vyavuzwe hejuru ko boba abri bamwe? Abashakashatsi bamwe bavuga ko ari bamwe, ko gusa abahima baje vuba kandi bagaca i burasirazuba berekera mu bumanuko bw'i Burundi nko mu Mugamba n'Ubututsi; abandi nabo bavuga ko abatutsi ari ubwoko ukwabo ko naho basangiye imico n'abahima ko bari kubiri ko kandi baje imbere cane.

Bavuga ko hari ibice bibiri vyaje mu Burundi vy'aborozi ba zirya nka zacu: hari abo bita aba nilotes nka barya ba luo, Masai,... hakaba n'aba "central sudanic" baje bava mu karere ka Sudan; aba rero ba "central sudanic" ngo muvyukuri nibo bazanye imico y'inka mu karere k'ibiyaga binini. Ubiravye nko mu ndimi nyinshi bita "bantu" inka izokwitwa kenshi: "ngombe" canke ibisa niryo(nko mu luganda amahembe y'inka bayita "ngombe"); ariko iwacu yitwa "inka" mu bahima b'abanyankore ikitwa "ente"; mu ndimi rero z'aba "central sudanic" inka uzosanga yitwa "iti" canke "ete" aha rero niho baciye bavuga ko abahima bari aba "central sudanic".

Birerekana ko abatutsi n' abahima baje ari aborozi nyene n'inka zabo baje kuzironderera ubwatsi; bashitse muri aka karere bahasanga imiryango y'abahutu ku ngoma zabo; kubera rero bari inkehwa cane bategerezwa kwiyegereza imiryango ikomakomeye y'abahutu niho baciye bagira nk'ivyo iyindi miryango mitomito y'abahutu yagira: Mu Burundi bavyita ubunywane; mu Rwanda bavyita Ubuse naho mu bahaya bavyita ubuswege. Aho niyo umuryango unywaye n'uwundi bakavukanisha, bakanasangira n'imiziro, izina n'ibindi, bakazonarindana hagize ikiba. Nkiyo rero umuryango w'abatutsi canke abahima washoboye kw'ikundisha,wanywanye n'umwami w'Ubungwe niho waheza ukitwa abatutsi b'abenengwe, ariko bizwi ko hariho abahutu n'abatwa b'abenengwe.

Abaganwa kuva kera barongora abakobwa b'abatutsikazi bo miryango y'abanyaruguru myiza bita "mfyufyu": Abenengwe, abanyakarama,abanyagisaka,abahondogo; hari aho barongora abatutsi bakomoka ku baganwa ba kera nk'abakundo, abasine canke abataga. Biva ku muntu rero abo abaganwa turi. Iki ntera iteka ntangere nuko nzi k' Uburundi uko tubuzi bungana gutya kubera ba sogokuru banje; bazanye urwego rw'ubushingantahe,bararurwaniye, benshi baranitanga bagapfa (vyari mu mico y'abaganwa ko hari ikibaye umuganwa yaritangira Uburundi),barahuza abarundi bose baba abahutu, abatutsi canke abatwa.

N'iteka kuri jewe kumenya ko nd'umwana wo mu baganwa. Sinifuza ko intwaro ya cami yo garuka, kubera ku gihe tugezeho nta w'usumba uwundi ngo kubera amavuko canke umuryango; umuhutu, umututsi canke umutwa arashobora gutwara Uburundi neza. Ico nashaka gushikako mu gutegura iki kibanza ni gutera iteka ba sogokuru banje, no kubivuga kuko kwivuga wari umuco ukomeye i Burundi; Urakeneye kugarurwa. 

Guillaume Rusengo
www.shikamaho.com
Muzamenya Ukuri maze kubabohore

No comments:

Post a Comment

Muvandimwe, nshuti ya SHIKAMA, turagushimira cyane umuganda utanga wo kubaka URWANDA rushya ubinyujije mu bitekerezo byawe( Komanteri). Kugirango turwanye urukungu rw'Agatsiko ni ngombwa ko buri komanteri ibanza gusuzumwa. Yohereze, irahita ijya ku rubuga mu minota mike niba idatandukira( kuvuga ibitajyanye n'inyandiko), itukana, cyangwa yuzuyemo uburere buke.

Wipfusha komanteri yawe ubusa ukoresha "ANONYMOUS", himba izina urikomeze kuko hari ibihembo mu Kuboza 2016 ku bantu 3 bazaba babaye indashyikirwa mu gutanga ibitekerezo. Dukomeje kubashimira ubwitange n'umurava muhorana. IMANA Y'I RWANDA ihorane namwe iminsi yose.

Dg NKUSI Yozefu
www.shikamaye.blogspot.com
Uharanire ko Ukuri gusimbura ikinyoma.
Email: mahoriwacu@gmail.com; tel: +4745564355